Ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR> Imyiteguro y’umunsi wahariwe umutangakori

Umwimbu w’amakori n’amatagisi wariyongereye mu mwaka w’2019 ushira 2020 kuko hari hitezwe imiriyaridi 908 haboneka imiriyaridi 1.024. Vyumvikana ko hiyongereyeko imiriyaridi 118 ni ukuvuga ibice birenga 112 kw’ijana. Ivyo vyashikirijwe na komiseri mukuru w’ikigo OBR Audace Niyonzima mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 23 Gitugutu 2020 ku cicaro c’ico kigo.

Komiseri mukuru w’ikigo OBR akaba yamenyesheje ko yatunganije ico kiganiro mu ntumbero yo gutanguza icese imyiteguro yo guhimbaza, ku ncuro ya gatanu, umunsi wahariwe umutangakori mu Burundi. Uwo nawo ukaba watanguye guhimbazwa mu mwaka w’2016. Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru bizobera i Ngozi ku kibuga c’inkino co ku Gasaka ka Inarunyonga ku wa 3 kigarama 2020. Icivugo c’uwo munsi kikazoba ari : « Dushigikire Reta Mvyeyi, Reta Nkozi, mu gutanga neza amakori n’amatagisi».

Guhimbaza umunsi wahariwe
umutangakori ni akaryo ko guhimiriza kurwanya urudandazwa rwa magendu

Uwo munsi mukuru kazoba ari akaryo ko guhimiriza kurwanya urudanzwa rwa magendu n’urudandazwa ruca mu binywabink’uko komiseri mukuru w’ikigo OBR. Ubu ngo ico kigo kigiye guhimiriza abatangakori n’abandi bakorana n’ikigo naco ku cokorwa kugira ingeso ya magendu n’urudandazwa ruca mu kinywabi ituzwe burundu mu gihugu. Ico kigo ngo kigiye kandi kworohereza abatangakori n’abakozi baco kuzana ubuhinga bwa none. Bazorushirizaho kandi guhimiriza abatangakori bataranyurwa neza ko gutanga ikori n’amatagisi ari iteka. Bazorangiriza kw’ihayanishagurisha ry’ivyahinguwe mu Burundi rizoba kuva kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo rirangire ku wa 2 Kigarama 2020. Iryo hayanishwa rikazoba kuri uwo wa gatatu Kigarama 2020.
Yamenyesheje kandi ko uwu mwaka w’2020 ushira 2021, umwimbu wabonetse kuva muri Mukakaro gushika muri Nyakanga 2020 hari hamaze gutozwa imiriyaridi 281 ku miriyaridi 261 yari yitezwe, ni ukuvuga ibice 107 kw’ijana. Umwimbu warenzeko rero muri ico kiringo c’amezi atatu akaba ari imiriyaridi 29 ni ukuvuga ibice 11 kw’ijana. Yamenyesheje kandi ko ayo mahera atiyongereye kubera amakori canke amatagisi yadugijwe ahubwo ari ukubera abatangakori aribo biyongereye.

Abatangakori bashasha barenga 16.000 baranditswe

Yarongeye amenyesha ko ibitigiri vy’abatangakori muri uwo mwaka uheze w’ 2019 ushira 2020 ico kigo canditse abatangakori bashasha barenga 16.000. Muribo abarenga 1000 ni abakora ku giti cabo hamwe n’amashirahamwe arenga 5000. Hari n’abatangakori bari basanzwe bakorera mu bibanza bitazwi bababa 7000 bashizwe ahabona n’abarenga 6000 baharuriye amakori. Ubu rero bakaba bagiye kuja barariha nk’abandi. Hari n’abatangakori bashika 115 bagiyye mu mugwi w’abatoza itagisi nyongeragaciro (TVA). Mu gikorwa co kurwanya ibiturire n’urudandazwa rwa magendu ruca mu binywabi, Audace Niyonzima amenyesha ko hakozwe ivyegeranyo 2000. Havuyemwo umuriyaridi n’imiriyoni 200 y’amahera y’amarundi.Rero ngo avuze urudandazwa rwa magendo haba harimwo urudandazwa njabukambibe mu vya duwane, hakaba no kunyuruza amakori n’amatagisi. Ivyo bigaca mu kunyegeza canke kugabanya umwimbu baba bashitseko kugira ntibatozwe ikori na TVA. Niko kumenyesha ko hari n’ubusuma bubera ku rudandazwa batari bamenyereye rukorwa mu vy’ubuhinga ngurukanabumenyi. Ku matohoza yabaye mu gisata c’amakori hagati mu gihugu, ku vyegeranyo bishika 174 vyakozwe havuyemwo amahera angana 4.355.820.848 y’amarundi. Aho agashimira urwego rujejwe gutuza amagendo rwo mu kigo OBR n’inzego zijejwe umutekano n’igendereza, intwaro n’abanyagihugu ubwabo babaha inkuru. Abo nabo bakaba babaha agashirukabute kangana ibice 10 kw’ijana vy’amakori agaruzwa mu kigega ca Reta yagira anyuruzwe.
EPITACE NDUWAYO
na SYMPHORIEN RIYAZIMANA
(Uwimenyereza)

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *