Umubonano mu biro vy’icegera c’Umukuru w’igihugu>Ubwicanyi bwabaye mu 1972

Ku wa 19 Gitugutu 2020, icegera c’Umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza, yarahaye umubonano mu biro iwe, abagize ibiro nshingwabikorwa vy’ umugwi ushinzwe gutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi (CVR). Bakaba bari baje kumushikiriza ubutumwa uwo mugwi ujejwe, aho bavuye n’aho bageze, hamwe n’intambuko zikiri imbere yabo batarashikako

Icegera c’Umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ariko araha umubonano abagize ibiro nshingwabikorwa vy’umugwi CVR

Inyuma y’uwo mubonano, uwurongoye umugwi CVR, Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko muri uyu mwaka ugomba urangire hari ibikorwa bitari bike bamaze kurangurira hagati mu gihugu.
Ngo kuva muri Nzero gushika muri Rusama 2020, baranguriye ibikorwa vyabo mu ntara za Gitega na Karusi, aho batoye ibinogo vyinshi birimwo ibisigarira vy’abantu. Inyuma yaho, ibikorwa bikaba vyaranguriwe mu ntara za Rumonge na Makamba. Aho naho nyene ngo basanze hari abantu bishwe bagaheza bagatabwa mu binogo rusangi. Mu vyo baganiriye kandi n’icegera c’Umukuru w’igihugu, harimwo kumumenyesha ko bari ku kivi, bongera bamusaba ko bobashigikira muri ivyo bikorwa barimwo, kuko ubutumwa barangura bufise ico bupfana n’umutekano, uguhahamuka kw’abakora ako kazi n’abanyagihugu, kugira habe imigambi yo gukurikirana ivyotuma ubutumwa umugwi CVR ujejwe bugenda neza.
Ngo uwo mugwi ukwiye gushigikirwa kandi, kuko ibiwugora atari kuzura ibisigarira vy’abantu gusa, ariko ko bagorwa kandi n’amajambo babwirwa n’abacitse kw’icumu, impfuvyi n’abapfakazi.
Akaba yarangije amenyesha ko mu mpera z’umwaka w’2020, bazoshikiriza icegeranyo Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka nk’uko ibwirizwa rishiraho umugwi ribibasaba.

GLORIOSE NSHIMIRIMANA

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *