Komine Mutaho > Ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe imfungurwa kw’isi yose

Abarundi bahamagariwe kwitaho gufungura neza

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira Abarundi kwitaho gufungura neza kuko aribwo buryo bwo kurwanya indwara zituruka ku gufungura nabi. Ivyo yabishikirije mu gihe Uburundi bwariko barahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe imfungurwa kw’isi yose. Uwo munsi wama uhimbazwa ku wa 16 Gitugutu uko umwaka utashe. Ngaha mu Burundi wahimbajwe ku wa 23 Gitugutu 2020, ku mutumba Nyabisaka, zone Rwisabi, komine Mutaho intara ya Gitega ku civugo « Twese hamwe tugwize umwimbu mu buryo burama, umuntu wese aronke ico afungura ». Umukuru w’igihugu yaboneyeho n’akaryo ko gutanguza irima ry’agatasi, mu gutera ibigori.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko aratanguza irima ry’agatasi

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu yarakengurutse kuko uwo munsi ushitse imvura yaguye, navyo bigafasha abarimyi gutera ibiterwa ivy’agatasi. Ati nta kazoza k’Abarundi biyobagije amagara meza n’ubumenyi bw’urwaruka. Yaribukije ko ata terambere ryovugwa mu gihugu hakiri abantu bashonje, baba ahantu habi bakongera bakanywa n’amazi mabi. Yarongeye amenyesha kandi ko ata teramabere ryobaho urwaruka rutariko ruriga kugira rumenye ubuhinga bw’iterambere na cane cane mu gisata kijanye n’uburimyi n’ubworozi. Reta rero ngo yihaye ihangiro ryo guhangana n’ikibazo c’ubukene. Ivyo navyo ngo bikazokunda ari uko Abarundi bagize urunani ata n’umwe avuyemwo. Reta kandi ngo igiye gushira inguvu mu gisata c’uburumyi n’ubworozi kugira amagara y’abantu amere neza. Prezida Ndayishimiye, yamenyesheje ko igisata c’uburimyi n’ubworozi ari igisata gikomeye cane mu bisata bigize ubuzima bw’igihugu, kuko gitunze ibice bingana n’ibice 90% kw’ijana vy’abanyagihugu baba mu Burundi. Ngo nico kandi cinjiza amahera y’agaciro mu gihugu, kikongera kigatanga n’akazi ku bantu.

Umwimbu wifashe neza mu gihugu

Prezida Ndayishimiye yamenyesheje ko ashima cane ko umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe imfungurwa, washitse umwimbu wariyongereye incuro zitatu. Ivyo rero ngo babikesha amashirahamwe mpuzamakungu adahengeshanya gufasha mw’iterambere ry’uburimyi n’ubworozi. Yarashimiye n’igihugu kigenzi c’Ubushinwa citaho kitiziganya mu guterera agacumu k’ubumwe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi. Kikaba gifasha mu kubaronsa ibikoresho congera cigisha ubuhinga mu bijanye n’ico gisata.
Mu ntumbero yo guteze imbere uburimyi, Reta ngo igiye kubandanya ironsa abanyagihugu umwavu ku giciro kitavuna ; kubaronsa imbuto zirobanuye ; kubaronsa ingurane itavuna ; hatibagiwe kubahimiriza kugira bakingire ibidukikije. Amakomine nayo ngo agiye kuronswa ikigo cigisha abanyagihugu ibijanye n’uburimyi, gutyo bashobore kurwanya inzara. Ngo harageze rero ko Abarundi bafungura ingaburo ikwiye. Ni muri iyo ntumbero yamenyesheje ko ku mavuriro yose hagiye kuba igisata cigisha ibijanye n’ingaburo ibereye na cane cane ku bana batobato n’abakenyezi bibungeze. Akaba yarangije ahamagarira Abarundi kugira urunani rw’intamenwa kugira bashobore kurwanya ubukene n’inzara. Twobamenyesha ko amakoperative Sangwe yabaye aya mbere mu ntara ya Gitega yashoboye kuronswa ibikoresho n’ibitungwa bizobasahiriza mw’iterambere.
GLORIOSE NSHIMIRIMANA

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *