Intara ya Gitega >Prezida Ndayishimiye yaragirishije inama abarongoye intara n’amakomine

Abarongozi basabwa kuba inyishu y’ibibazo abanyagihugu bafise

Abarongozi basabwa kuba inyishu y’ibibazo abanyagihugu bafise, ariko ntibabe ibibazo vyabo nk’uko vyagaragaye muri kahise.Izo ni zimwe mu mpanuro Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yatekereye ba buramatari, hamwe na ba musitanteri, mu nama yabagirishije ku mugwa mukuru wa poritike i Gitega ku wa 23 Gitugutu 2020.

Inyuma y’iyo nama, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yamenyeshe ko iyo nama yaje ikurikira izo yaheruka kubagirisha abisangiye mu ntara no mu makomine iwabo kugirango abashikirize imigambi n’imigabo ya Reta Mvyeyi ariyo Reta Nkozi. Uwo munsi rero ngo kwabaye ugushimangira inyigisho yari yabahaye mu bigabane bitandukanye yongera kandi abaha n’izindi nyigisho nshasha. Aho rero amenyesha ko Umukuru w’igihugu yashingiye ku kwumvisha abo barongozi ko bategerezwa kubera abavyeyi n’abigisha abanyagihugu bongera babafasha gutera imbere no gutorera umuti ibibazo bafise. Umukuru w’igihugu ngo yarashimikiye ahanini no ku bijanye n’ukugwiza umwimbu hamwe n’ugukingira inyubako rusangi. Mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, yabamenyesheje ko bategerezwa kurima n’ibindi biterwa bishasha. Ati ntihagire umuntu asubira kugira ubwoba ngo umwimbu uzohava uba ingorane nk’uko vyagenze mu myaka iheze. Reta ngo yafashe ingingo yo gukora ibishoboka kugirango yo nyene imenye ingene itunganya umusesekara. Iyo nama ngo yabaye akaryo kuri abo barongozi cane cane ba musitanteri, ko kugabana imodoka nshasha zizobafasha kwiyunguruza.Akaba yaravuniye urugohe mu kubamenyesha ko izo modoka baronse atari izabo, ariko ko ari imodoka z’amakomine bazikoreshe mu bikorwa vy’amakomine yabo zongere zibafashe kugwiza umwimbu uzobashikana no kuronka izindi kuko Reta itazobandanya igurira ibikoresho abakozi bayo. Abakozi ubwabo nyene ngo barashobora kugwiza umwimbu bakigurira ibikoresho mbere bagafasha n’abandi.
GLORIOSE NSHIMIRIMANA

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *