Intara ya Bubanza˃Ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme

Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye ahamagariwe abigeme kugira ibanga n’ico bibanga mu ntumbero yo gutegura kazoza kabo keza. Ako kamo yagateye ku wa 12 Gitugutu 2020 mu ntara ya Bubanza ku kibuga c’inkino igihe yari ahagararaiye ibirori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakung wahariwe umwigeme.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabahaye impanuro zishimikiye ku gushigikira no gukingira umwigeme w’umurundikazi. Yasavye abigeme guhanura bagenzi babo b’imiyabaga kugira bagire kazoza keza. Yabahaye impanuro nk’umuvyeyi n’umukunzi w’abana. Yababwiye abayabaga ko ikiringo barimwo kibakura mu bwana kikabagira abantu bakuze. Inyifato bagira mu buyabaga ngo niyo yerekana ukugene bazoba bameze muri kazoza. Bisubiye ngo ingorane zibavako ubwabo, zikava ku kibano canke ku bavyeyi babo. Yamenyesheje ko icivugo c’uwo munsi ari «Samiriza ijwi dushigikire iterambere rirama ry’umwigeme w’umurundikazi». Rigize incuro y’icenda uwo munsi mpuzamkungu ahimbazwa mu Burundi.
Yabasavye kudatwarwa umutima n’amaronko gutyo babumbwe n’ivyo bafise. Niko kubasaba kwambara bakikwiza mu ntumbero yo kwibikira akabanga gutyo bigumye gushika bashinge izabo. Aho naho bokwirinda akaborerwe, amarigara, ibiyayuramutwe n’abaganzi babi. Amatelefone ngendanwa nayo bayakoreshe ivyubaka, bikabubaka, bakabateza imbere bigateza imbere n’igihugu. Yarongeye abasaba kwirinda kujana nyabahururu.
Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yarongeye asaba urwaruka gukura amaboko mu mpuzu, babe abana b’umwete, bafashe abavyeyi babo na cane cane mu gihe c’uburuhuko.
Abatari mu mashure nabo ngo birinde ingeso mbi mu kudahurumbira ibihenda amaso. Yababwiye ko bakwiye kwitegurira kuba abakenyezi badasabiriza kuko nabo bafise amaboko abiri n’ayo bafise.

Abavyeyi basabwa gukundisha ibikorwa kurugero rumwe abana b’abakobwa n’abahungu

Abavyeyi nabo Angeline yabasavye kwirinda kuba inkomoko yo gutuma agateka k’abigeme b’abarundikazi katubahirizwa.
Basabwa gukundisha ibikorwa abana bose baba abigeme canke abahungu kugira ntihagire ibikorwa biharirwa uwu canke uriya. Bokwirinda gushingira abana b’abigeme batarakwiza imyaka yo kwubaka. Abarongera akabasaba kwereka abigime umwonga uhuma n’uwudahuma. Abakenyezi nabo boba icitegererezo ciza c’abigeme babo kuko mu kirundi bavuga ko «wiba uhetse ukigisha uwuri mu mugongo».
Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yarongeye asaba ikibano kugarukira imico myiza yamye iranga Abarundi.
Basabwe guhanura bibaye ngombwa bashengeze abagabo b’ibitabanga bishurashuza abana b’imiyabaga.
Bakwiye gufasha kandi abigeme bafise inyifato itabereye. Yamenyesheje ko ababazwa kandi agaterwa n’agahinda n’abigisha-barezi bagoba izo bajejwe kuyobora mu gutwaza inda z’indaro abana bigisha.
Niko kumenyesha ko bakwiye gukurikiranwa n’ubutungane gutyo bahanwe hakurikijwe amategeko. Abajejwe kwigisha ijambo ry’Imana, abamenyeshamakuru hamwe n’abo mu mashirahamwe ngo boraba ko badashikiriza ibisubiza inyuma umwigeme. Amashirahamwe cane cane yoraba ko inyigisho aha urwaruka na cane cane abigeme zidatuma akaranga k’umwigeme w’umurundikazi gatituka canke gasubira inyuma.

Abarezi b’ibitabanga bohanwa hakurikijwe amategeko

Umushikiranganji ajejwe gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira Immelde Sabushimike yamenyesheje ko uwo mu bisanzwe uwo munsi mukuru uhimbazwa ku wa 11 Gitugutu uko umwaka utashe, ko umwigeme w’uwu munsi ariwe mukenyezi w’ejo. Bivuga ko umukenyezi w’iteka ategurwa akiri muto. Abavyeyi nabo yabasavye gufata kumwe abahungu n’abigeme. Abavyeyi na cane cane abagabo n’abigisha basabwa kurwanya amabi afatiye ku gitsina mu kwirinda gushurashuza imiyabaga. Abavyeyi basbwa gushira abana b’abigeme mw’ishure hamwe no gusubiza mw’ishure umwigeme yavyaye mu gihe yacukije umwana. Asaba guhana no gukura mu kazi abarezi b’ibitabanga.
Buramatari w’intara ya Bubanza Cléophas mw’ijambo ryiwe ry’ikaze nawe yamenyesheje ko abigeme bahevye amashure kubera batwaye inda z’indaro muri uwu mwaka w’ishure urangiye ari 27. Bose hamwe abanyeshure bataye amashure kubera imvo zitandukanye muri iyo ntara bakaba ari 2.657.
Uwuserukira ishirahamwe PNUD mu Burundi akaba ari nawe muhuza bikorwa w’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi yamenyesheje ko uwo munsi watanguye guhimbazwa mu mwaka w’2012.
Yavuze ko ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) ryipfuza ko gushika mu 2030 abigeme bose bokumvirizwa amatwi bakongera bagashirwa mu mashure kugira bategure kazoza keza. Urwaruka na cane cane abigeme ngo bategerzwa rero gukingirwa n’amategeko kugira batere imbere. Niko kumenyesha ko bose hamwe bokingira bakongera bagashigikira abigeme.
Ibirori vyarangiye umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye n’abandi banyacubahiro bashikiriza ibikoresho abigeme bakenera mu buzima bwa minsi yose.
EPITACE NDUWAYO

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *