Igisagara ca Bujumbura > Kwibuka igandagurwa ry’uwahabuje intahe y’ukwikukira

Abarundi bahamagariwe kuba abantu bavuga ukuri gutyo bakize igihugu

Kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2020, niho Abarundi bibuka imyaka 59 iheze uwahabuje intahe y’ukwikukira kw’Uburundi, umuganwa atari umugani Rudoviko Rwgasore agandaguwe n’abansi b’Uburundi. Hari ku wa 13 Gitugutu 1961. Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyatunganijwe mu ntara zose z’igihugu. Mu gisagara ca Bujumbura hakaba ariho habereye ibirori vyo ku rwego rw’igihugu birongowe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.
Ibirori vy’uwo munsi vyatangujwe n’inkuka ya misa yo kwibuka uwo muhisi, mw’iparuwase yitiriwe umweranda Mikayeri, ikaba yari yitabwe n’abategetsi bakuru b’igihugu, guhera ku Mukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi, icegera c’Umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, umukuru w’Inama Nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe ,umukuru w’Inama Nkenguzamateka,Emmanuel Sinzohagera, bamwe mu bagize Reta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abarongoye inzego z’umutekano n’ukwivunabansi, umuryango w’umuhisi Rudoviko Rwagasore, hamwe n’abanyagihugu.Tubamenyeshe ko iyo nkuka ya misa yaherejwe n’umwepiskopi wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Gervais Bashimiyubusa, aho yahamagariye Abarundi kuba abantu bavuga ukuri gutyo bakize igihugu. Yaboneyeho akaryo ko gusengera Uburundi kugira bwame buronka abantu baheba inyungu zabo, bakigura igihugu nk’uko umuganwa Rwagasore yabikoze. Mu nsiguro yatanze afatiye kw’ijambo ry’Imana ryanditswe n’umweranda Luka, ikigabane c’11, kuva ku karongo ka 37 gushika ku karongo ka 41, yamenyesheje abari aho ko Uburundi ari igihugu catowe n’Imana, ari naco gituma babwirizwa kuba beza. Ati «ntimube abantu babonwa nk’abatowe n’Imana ariko buzuye ubusuma n’ububisha nk’abafarizayo». Ngo ijambo ry’Imana ridusaba kutaba ba berahino hirya hirabura, haba mu nyifato canke mu bikorwa vyo kwiyeza. Ibikorwa vy’urukundo ngo bishimisha Imana, bigaheza bigacira iteka umuntu muri vyose. Ati : « Dusabe Imana ko yodutyorora kandi twigire inama nziza yo kuva muri ivyo vyose bituma umuntu ahumana ». Kugira Umwidegevyo ngo bituma abantu bakora neza. Ni naho yaciye avuga ko iyo igihugu kibuzemwo abantu bafise umwidegevyo n’ubutwari, bituma ataco giheza ngo gishikeko. Umuganwa Rudoviko Rwagasore ngo yari afise umwidegemvyo ari nawo wamutumye atigenza nk’abandi mu kudaharanira inyungu ziwe gusa. Ubumwe n’ubutwari vyari mu mugambwe yakomokamwo ngo vyamutumye ashika ku ntsinzi y’ukwikukira. Gervais Bashimiyubusa yarangije asaba abari aho kwigenza nka Rwagasore kuko ata n’umwe yakumira muvya poritike. Inyuma y’iyo nkuka ya misa, ibirori vyabandanirije ku musozi Vugizo uhanamiye igisagara ca Bujumbura ahari intatemwa ya Rwagasore, aho abanyacubahiro batandukanye bunamiye uwo muhisi bongera barashirako ingori z’amashurwe. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bakaba ari bo babanje gushira urugori rw’amashurwe kuri iyo ntatemwa, hakwirikira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abo mu muryango wa Rwagasore, hamwe n’abaserukira imigambwe yemewe n’amategeko. Inyuma y’uwo mugirwa, abari aho baciye bumviriza ivyaranze umuganwa Rudoviko Rwagasore, bongera batega yompi ijambo yashikirije igihe umugambwe w’abadasigana UPRONA watahukana intsinzi mu matora yo muri Nyakanga 1961.
GLORIOSE NSHIMIRIMANA

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *