Intara za Muyinga, Ngozi na Kirundo> Imfashanyo zahawe impfuvyi, bantahonikora, n’abamugaye

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu arashimira abafise umutima wo gufasha abatishoboye

Ku magenekerezo ya 10 na 11 Nyakanga 2020, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye, yaragendeye intara aho abicishije ku kigo « Fondation Umugiraneza », yatanze imfashanyo zigizwe n’ibikoresho n’ibifungurwa bitandukanye ku mpfuvyi abafise amikoro make, n’abagendana ubumuga.

Mu ntara ya Muyinga Angeline Ndayishimiye yatanze imfashanyo ku kigo c’abababikira b’abakarikita «Missionnaires de la charité», gisanzwe gifasha abageze mu zabukuru, impfuvyi, abarwaye indwara zituruka ku gufungura nabi hamwe n’abafise amikoro make. Ico kigo kikaba kiri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga hari ku wa kane igenekerezo rya 10 Nyakanga 2020. ku mugoroba w’uwo munsi yaragendeye intara ya Ngozi aho yashikirije imfashanyo ishure « Ecole Asante Primary School » ryegukira ishirahamwe « Hope of Africa Mission ».
Mu birori vyo gushikiriza imfashanyo ikigo c’abababikira b’abakarikita «Missionnaires de la charité»,umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko bahashitse nka « Fondation umugira neza », mu ntumbero yo gutera intege abo babikira ku vyiza bakorera Uburundi, kugira babone ko batari bonyene ariko ko bashigikiwe. Avugako kurera abageze mu zabukuru n’abana batobato si igikorwa coroshe, ariko ari umutima w’urukundo udafiswe na bose. Vyongeye ngo nico gituma bashimye kubashigikira. Angeline Ndayishimiye akaba yaharonkeye akaryo ko guhimiriza uwo wese afise umuvyeyi ageze mu zabukuru ko hageze ko nawe amurera, akamubungabunga kurya nawe yamubungabunze akiri muto.
Ni naho yaciye ahamagarira Abarundi bose n’amashirahamwe atandukanye kugirango yame ashigikira abo babikira ndetse n’abandi bose bafise ingabire yo gufasha impfuvyi, abatishoboye n’abapfakazi. Twobamenyesha ko hambavu y’imfashanyo umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yatanze kuri ico kigo, yaciye abashikiriza akabahasha kazobafasha mu guhemba ababafasha kurera abo bana n’abo bageze mu zabukuru.
Uwurongoye ico kigo, Anna Joakim, yarakengurukiye cane umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu adahengeshanya kubashigikira. Ati: « icakuzanye ni umutima w’urukundo Imana yakuremanye ». Kw’izina ry’abafashwa n’ico kigo, yamenyesheje ko bakenguruka cane, kuko hambavu yo gufashwa n’ico kigo ngo barabona ko na Reta y’Uburundi ibitayeho. Akaba yipfurije umuryango w’Umukuru w’igihugu, imigisha n’imihezagiro biva ku Mana.
Abana bahamagarirwa gukunda ishure

Ku muhingamo w’uwo munsi, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yaciye agendera umutumba Kinyana, komine n’intara ya Ngozi, ahari ishure « Ecole Asante Primary School » ryegukira ishirahamwe « Hope of Africa Mission ». Iryo shirahamwe rikaba ryarashoboye kwegeraniriza hamwe abana bantahonikora hamwe n’abana b’impfuvyi. N’aho nyene, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu abicishije kuri « Fondation umugira neza », akaba yagiye abashiriye ibikoresho vy’ishure, nk’amakaye, amasakoshi n’ibindi. Angeline Ndayishimiye akaba ashimira umufasoni aserukira imbere y’amategeko iryo shure, Christella Burihabwa, we yiyumviriye kurera abana b’Uburundi na cane cane abana b’impfuvyi, n’abana ba ntahonikora,amusabira ku Mana gusazana uwo mutima w’urukondo rwayo. Yamenyesheje ko baje kuri iryo shure kugira bamutere intege abone yuko ashigikiwe gutyo akomere kw’ibanga. Yaramushimiye cane ngo kuko hari benshi barera abana b’impfuvyi ariko ntibiyumvire kubashira mw’ishure, bakabagira ibikoresho vyabo vyo muhira. Ati ariko we yashatse iterambere ry’abana, iry’igihugu, iterambere rya kazoza kuko aribo kazoza k’igihugu. Yaboneyeho akaryo ko guhamagarira abo bana gukunda ishure mu ntumbero yo kunezereza uwo muvyeyi, gutyo agire ingoga zo gufasha na batoyi babo. Nk’ishirahamwe «umugira neza», yabemereye ubuyi n’isukari bizofasha mu kugaburira abo bana ukwezi kwose. Ku vyifuzo uwo aserukira ishure yamushikirije vyo kugaburira abo bana kugirango bige bamererwe neza, yamenyesheje ko mu minsi iza bagiye kugaburira abana mu makantine y’ishure, aho yaciye abamenyesha ko azogerageza n’iryo shure ribemwo.
Yasavye abavyeyi bari aho ndetse n’abari kure gukundisha ishure abana babo na cane cane mu kubakurikirana kuva mu ntango z’ishure ari naho bogira umushinge ukomeye. Akaba yarangije ahamagarira abana kwirinda gusamarira ibitagira akamaro, bashishikare kunezereza abavyeyi n’igihugu cabibarutse.
Uwuserukira imbere y’amategeko iryo shure Christella Burihabwa nawe akaba yarashimiye cane umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ku mutima w’urukundo agenda yerekana mu Burundi.

Abarundi bahamagariwe kugira umutima w’ugufashanya

Kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2020 naho, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yari aramutse agira urugendo mu ntara ya Kirundo aho, abicishije kw’ishirahamwe « Fondation umugiraneza », yashikirije imfashanyo ikigo c’ababikira b’urukundo co mu Kirundo « Missionnaires de la charté » gifasha impfumvyi, abagendana ubumuga butandukanye, abageze mu zabukuru n’abatishoboye.
Iyo mfashanyo igizwe n’intebe, amata, ifu, amavuta, ibitenge hamwe n’ibindi. Yarabaronkeje n’ibahasha irimwo amafaranga azobafasha guhemba abasanzwe barera abana n’abageze mu zabukuru. Angeline Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko baje gushigikira abo babikira yongera atera intege abo bose bitangira abandi mu buzima bwa minsi yose. Ngo igihe yahaheruka arongoye ishirahamwe « umukenyezi w’intwari » yari yasanze hari abageze mu zabukuru bicara hasi, ugasanga batunye umugongo. Ngo ni naho yaciye abemerera intebe zishobora kubafasha kwegamira. Ahamagarira rero abantu barezwe n’abavyeyi babo hageze ko nabo babarera bagaca babashibura, bakabatana n’inzu, ko bobabungabunga kurya nabo babibakoreye. Ati kurera abageze mu zabukuru n’umugisha kuko Imana iri muri abo. Yarashimiye bivuye ku mutima abo babikira kuko barangura neza amabanga Imana yabahaye. Nico gituma ahamagarira uwo wese ategerezwa kwumva ko yo bashigikiza impuhwe ibikorwa vy’urukundo mu kubaronsa ico babagaburira. Yareteye akamo Abarundi n’Abarundikazi ndetse n’abari mu mahanga, ko kwumva ko gushigikira abageze mu zabukuru ari itegeko kuri kiremwa muntu ndetse n’Imana ngo iduhamagarira gufasha.
Uwurongoye ico kigo Mama Fideline, yarakengurukiye umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ku mutima w’urukundo yama abereka. Ico kigo ngo kireze abageze mu zabukuru 40, abarezi n’abana 49, hamwe n’abandi 28 batashoboye kuja mw’ishure ariko bafashwa n’ico kigo. Akaba yarangije amushimira kandi kuko yama yumva na ntaryo akamo bamutera , aca amusabira imigisha n’imihezagiro biva ku Mana.
GLORIOSE NSHIMIRIMANA

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *