Iterambere ridakumira>Ihuriro kaminuza ry’abakenyezi b’imboneza

Abakenyezi bahamagarirwa kwijukira imigambi y’iterambere rirama

Ishirahamwe ry’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika biharanira iterambere’OPDAD’ rirongowe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye ryaratunganije ku wa 4 Nyakanga 2020 inama y’ibikorwa vy’ihuriro kaminuza biteza imbere umukenyezi ku civugo « uruhara rw’umukenyezi w’imboneza mw’iterambere rirama, irondoka rijanye n’amagara meza no gukinga ikiza Covid-19 ». Iyo nama kakaba kari akaryo keza ko guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ivyoteza imbere umukenyezi. Ivyo bikorwa bikaba vyuguruwe icese n’Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi ari nawe arongoye iryo shirahamwe, Angeline Ndayishimiye.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yaramenyesheje ko ari inama ya mbere itunganijwe mu gihugu ifise intumbero yo kurabira hamwe ibijanye n’ivyoteza imbere umukenyezi, irondoka rijanye n’amagara meza no kurwanya Covid -19 mu Burundi. Akaba yabanje kwibutsa abitavye iryo huriro ko mu bijanye n’iterambere rirama, kera umukenyezi yagira intambamyi nyinshi zo kurishikira kuko yafatwa nk’uwukora ibikorwa vyo muhira, akavyara akongera akarera gusa. Ariko ubu ko ibintu biriko birahinduka naho hoba hakiriho abantu bahohotera umukenyezi muri ubwo buryo. Yaciye yibutsa abari aho ko Imana yahaye ubwenge umugabo yongera ibuha n’umugore. Arico gituma abakenyezi bakwiye kwijukira ibikorwa vy’iterambere kuko ngo ata bikorwa bihari bigenewe abagabo gusa canke abakenyezi gusa. Kera abigeme babashira mu mashure afise ibisata bigarukira hagufi kugirango baheze ningoga bace baja kwubaka ariko ngo ubu bariga amashure y’ubuganga, ayo kwubaka inzu n’ibindi ari naho hasigaye hari n’abakenyezi batwara imiduga yaba mitomito canke minini minini yunguruza abantu n’ibintu, abandi bakaja mu mahiganwa y’inkino, n’ibindi. Yarashimiye indongozi zahinduye ibintu kuko ubu abakenyezi n’abigeme bashobora kwiga mu mashure afise ibisata biteye imbere no mu bisata vyose vya kaminuza. Yarashimiye kandi Reta yashimye ko ibice 30% abakenyezi bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro mu nzego zifata ingingo bikwirikizwa mbere hakaba hari n’aho rimwe na rimwe birenga nko mu Nama Nkenguzamateka aho ibitigiri vy’abakenyezi bisumba ivy’abagabo. Yasavye ko ivyo bitigiri vyorenga no mu bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu. Umukenyezi rero ngo ni inkingi y’iterambere mu rugo no mu gihugu. Angeline Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko hagiye no gushingwa ibanki ijejwe iterambere ry’abakenyezi izofasha abakenyezi kuronka ingurane hatarinze gusabwa ingwati basanzwe badafise.Yasavye abakenyezi ko biga gushigikirana, barangurane urukundo imigambi y’iterambere, babere ijisho abandi, baje mu makoperative, n’ibindi.
Ku vyereke irondoka rijanye n’amagara meza, Angeline Ndayishimiye yamenyesheje ko mu Burundi abanyagihugu batera biyongera uko umwaka utashe. Abahinga bakwirikirana ivy’irwirirana ry’abantu ngo basanze ibintu bigumye uko biri ubu, mu mwaka w’2050 Uburundi buzoba bugeze ku miliyoni 20 z’abantu. Abo bantu rero ngo n’ikirenga umuntu aravye uko Uburundi bungana. Ivyo navyo vyerekana ko abantu bataratahura ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, eka ngo impinge iracari ndende. Yahamagariye abakenyezi b’imboneza kugira uruhara ruboneka, kugira intererano mu guhimiriza abavyeyi, babumvishe ko umuvyeyi avyaye neza agira amagara meza n’ibibondo vyiwe bigakura neza bigaheza bikabaho bifise amagara meza. Yahamagariye abakenyezi kwijukira umugambi wo kuvyara ku rugero kugirango bavyare bake bashobora kurera neza.
Ku vyerekeye ikiza Covid-19, yaribukije abari aho ko isi yugarijwe n’ikiza ca Corona Virus aho abantu bose bahamagarirwa kwikingira ico kiza mu gukwirikiza impanuro bahabwa n’abaganga na cane cane mu gukaraba n’amazi meza n’isabuni no mu kwitaba akamo k’Umukuru w’igihugu, ‘Ndakira- Sinandura kandi Sinandukiza.’Uwo wese yokwiyumva ko ikimenyetso ca Corona Virus ngo ko yoca anyaruka kwitura abaganga kandi ngo iyo ndwara ivurwa ku buntu.
Umwe mu bashikirije icigwa ku vyerekeye iterambere ry’umukenyezi mu bijanye n’ubutunzi, Donatienne Igirukwishaka yamenyesheje ko ubwa mbere, abakenyezi birimizi botera imbere ari uko baronse umwimbu ushimishije mu vyo bimbuye. Aho naho ngo ni uko baba baronse ifumbire ikwiye mu gihe c’itera, bakongera bakaronka aho bashora ivyimburwa vyabo ku giciro ciza canke bakaja no mu yindi migambi yo gusahiriza n’ibindi. Ubwa kabiri ngo hari abakenyezi bakora urudandazwa, abashona, abatwara abantu n’ibintu, n’abandi. Abo nabo nyene ngo barakeneye gushigikirwa. Ubwa gatatu, abakenyezi b’imboneza, uko bokoresha ubwenge bwabo kugirango ntibatungwe n’umushahara gusa, kugirango bashobore gushigikira abandi mu gushinga amashirahamwe n’ibindi bituma harwizwa akazi n’ibindi.
ESTELLA NIYONGERE

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *