Intsinzi y’umugambwe UPRONA˃Abarundi barondeye intahe yo kwikukira bunze urunani

Demokarasi mu Burundi yatangujwe n’umuganwa Ludoviko Rwagasore mu 1961

Ku wa 18 Nyakanga 2020, umugambwe w’abadasigana UPRO NA uzohimbaza imyaka 59 iheze utahukanye intsinzi mu mwaka w’1961. Intsinzi yashikanye igihugu ku ntahe yo kwikukira. Ikinyamakuru UBUMWE caboneyeho akaryo ko kwegera umunyabanga mukuru w’umugambwe UPRONA akaba n’umuvugizi wawo, Olivier Nkurunziza ku wa 3 Nyakanga 2020 kugira yibutse abarundi ingene uwo mugambwe wakuye Uburundi mu buja b’abakoroni.

Olivier Nkurunziza amenyeha ko umuganwa Ludoviko Rwagasore yafadikanije ba Paul Mirerekano, Pierre Ngendandumwe, André Nugu, Thaddée Siryumunsi, André Rufuruguta, Valantin Bankumuhari, André Muhirwa n’abandi. Abo bose barimwo abahutu, abatutsi n’abaganwa abaturuka mu madini yose kuko Rwagasore atavangura.Ngo baragiye mu matora atariyoroshe babicishije mu mugambwe UPRONA. Ayo matora yarimwo imigambwe nka PDC, PP, imigambwe yari yunze urunani muco bita «Front Commun» hamwe n’umugabwe UPRONA. Umugambwe UPRONA ukaba ariwo watahukanye intsinzi ku wa 18 Nyakanga 1961 aho waronse intebe 58 kuri 64 zari zitegekanijwe mu Nama Nshingamateka.

Umugambwe UPRONA warondeye intahe yo kwikukira ku kwanka agasuzuguro

Yamenyesheje ko ico Abarundi bakwiye kwama bibuka ar’uko basezereye agasuzuguro bari bamazemwo imyaka myinshi kuva umwami Mwezi Gisabo ashize umukono ku masezerano y’i Kiganda mu 1903. Ico gihe Uburundi bwaciye butakaza ubwigenge, baca batangura kuganzwa n’Abadagi. Intambara y’isi yose ibaye naho Uburundi buca butwarwa n’Ababirigi. Abo nabo aho kuza bavyorosha baza bavyunyura. Abo badasigana rero bashaka ko Abarundi basubizwa iteka mu kwikurako intwaro y’agacinyizo. Abarundi baciye baronka uburenganzira bwo kudandaza kuko mu gihe c’abakoroni hadandaza abazungu gusa na cane cane ababirigi.
Olivier Nkurunziza akaba yavuze kandi ko Abarundi baciye basubira kuronka uburenganzira bwo gutwara no kwitunganiriza ivy’igihugu kuko bari barakumiriwe. Abarundi baciye baronka uburenganzira bwo kuja mu ntwaro y’igihugu no mu nzego z’umutekano no kwivuna umwansi. Amenyesha ko ari akamwemwe n’iteka ku mugambwe w’abadasigana UPRONA. Yaboneyeho n’akaryo ko gukeza umuganwa Ludoviko Rwagasore kuko naho demokarasi yagiye irasubira inyuma ariwe yayitanguje. Mu kuyishikako naho abadasigana bakaba babicishije mu matora y’imigambwe myinshi. Ico gihe baratoye ba ba buramatari, ba burgumestre, abajenama ba komine n’abandi ariko bikaba vyagiye birasubira inyuma kuva haje intwaro za gisirkare zaciye zifuta imigambwe myinshi Umuhisi Prezida Melchior Ndadaye akaba yaje kuyihabuza.

Intsinzi y’umugambwe UPRONA mu 1961 yibutsa Abarundi kugendera demokarasi

Olivier Nkurunziza yamenyesheje ko uwo munsi wibutsa abadasigana ukungene Ludoviko Rwagasore yiyumvira ukugene demokarasi yoba imeze mu Burundi. Ivyo bikaba vyibutsa Abarundi ko indongozi zijaho biciye mu matora kandi demokarasi igatsimbatara. Rwagasore yavuga ko bashizeho demokarasi nk’uko Abarundi bayumva, atar’uko abanyamahanga canke ababirigi bayishaka. No mw’ijambo ryiwe yavuze ati : « tugira duhagurukire ibibazo vyacu, ibibazo vy’amatongo, ivy’indero, ivy’ubutunzi n’ubutungane. Niko kumenyesha ko indongozi za kino gihe zitegerezwa guhagararira izo nkingi za demokarasi kuko ivyo Rwagasore yipfuza bitararanguka ijana kw’ijana. Yavuga ati : «nzotekana ar’uko mbonye ko Abarundi bose babayeho mu mahirwe no mu butungane, nzotekana ar’uko mbonye Abarundi bateye imbere, bafise ubuntu n’iteka».
Yarongeye amenyesha ko igihe Rwagasore yaharanira intahe yo kwikukira ata mpunzi zariho. Mu nyuma Abarundi baciye baba ba bahebiyake, baracanamwo, haraba intambara, baricanamwo. Ivyo bikerekana ko Abarundi bahemukiye iragi ryiwe. Ariko ko Abarundi bamaze kubona ko bategerezwa kubana mu mahoro, bafatanye munda Olivier Nkurunziza aripfuza ko iyo tariki ibibutsa ihangiro rya Rwagasore kugira barishikeko vy’ukuri.

Urwaruka rukwiye kwitaho ivyo igihugu rukiri ruto

Rwagasore rero ngo yatanguye ivya poritike akiri muto afise nk’imyaka 24 abitumwe n’uko yabona ukugene abazungu basuzugura se wiwe n’ukugene Abarundi bamerewe nabi. Gukura igihugu mu buja rero ntibisaba imyaka myinshi canke amafaranga, bisaba kwumva no gukunda igihugu. Abantu bafatanije na Rwagasore Olivier Nkurunziza afata ko ari nk’abantu Imana yhaye Uburundi n’Abarundi. Uravye imyaka bari bafise rwari urwaruka rubona imbere kandi bashira imbere ugusenga. Urwaruka rw’ubu rero ngo ntirworindira kubanza gusaza kugira rutere imbere. Rukwiye gufata mu minwe ivyagoye ababakurira no kubitorera inyishu. Rworangwa n”urukundo nk’urwaranga Rwagasore mbere no kudashira imbere amaronko. Ikindi camubabaza n’uko umwami ata ngingoyafata, ingingo zose zafatwa n’abazungu. Abatwara igihugu ngo borangwa no kwitwararika igihugu no gukunda abo batwara aho gushira imbere amaronko.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA yamenyeshejeko abadasigana bazogira indwi yo kwinagura mu guhimbaza uwo munsi mukuru, baca hirya no hino ivyiyumviro vya Rwagasore. Bazokwisuzuma abarabe aho batakurikije imigambi n’imigabo vyiwe. Ngo ni akaryo ku rwaruka ko kumenya aho rufatira. Umugambwe ngo utegerezwa kuba ishure ry’ivyipfuzo vyiwe no kwibukanya ivyaranze intahe yo kwikukira. Abarundi boguma bafatanye mu nda bashigikiye amahoro. Uwo mugambwe kandi uzokwama uterera ivyiyumviro vyiza vyubaka igihugu. Asaba Abarundi ko uwo munsi w’itariki 18 Nyakanga ari ntibagirwa na cane cane ko Abarundi boshira imbere ivyiyumviro vya Rwagasore. Ivyiyumviro vy’ubumwe, amahoro, umutekano, vy’ubutunzi, vyo kurwanya amoko, vyo kurwanya amacakubiri y’intara, ari ay’amadini. Aho niho Abarundi boshinga umushibuka w’iterambere no gukubitiza agatima mpebero kuvyo Rwagasore yabipfuriza.

EPITACE NDUWAYO

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *