Gitega> Imibonano yatanzwe n’Umukuru w’igihugu

Amakungu arabandanya gukeza Prezida Evariste Ndayishimiye ku mabanga yo kurongora Uburundi

Kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2020, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakiriye abaserukira ibihugu n’amashirahamwe bashika kuri bane, ku kirimba c’Umukuru w’igihugu c’i Gitega. Bakaba bari bagizwe n’abaje baserukiye igihugu ca Turikiya , Afrika y’Epfo , ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’Ibanki y’isi yose. Intumbero y’uwo mubonano kwari kugira bamukeze mu banga yo kurongora Uburundi hamwe no kumuhoza we n’abarundi bose ku rupfu rwa nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Inyuma y’uwo mubonano, Icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Alain Diomede Nzeyimana yamenyeheje ko bose bari baje kumukeza kubera amatora yagenze neza akaba ari akarorero keza ku bihugu vya Afrika bongera bahoza Abarundi bose ko babuze babuze imboneza yamaho Uwahoze ari Umukuru w’igihugu,Petero Nkurunziza. Yaravuze ko bari baje no kuvugana n’ivy’imigenderanire no gufashanya.
Uwuserukira Ibanki y’isi yose, Veronique Kabango yarashimye ko Reta y’Uburundi iri ku murindi ushimishije wo guhindura ibintu kugira Abarundi baroranirwe. Ikindi yavuze ngo mu migambi y’iyi Reta mvyeyi kandi nkozi hazoba akarusho ku mfashanyo bahora batanga bakipfuza yuko mu myaka itatu iri imbere botanga imiriyoni 600 z’amadorari y’abanyamerika kugirango akore imigambi Reta yipfuza kurangura. Yarongeye aravuga ko umukuru w’igihugu yavyakiriye neza ariko akavuga ko hariho imigambi yaranguwe mu minsi yahera ikwiye gusubirwamwo kubera yari ifise utunenge. Ngo Umukuru w’igihugu akaba yabibukije bose uko baje ko igihe Reta yarahira hariho ingingo zitandatu yahaye ubushikiranganji zo gushira mu ngiro vyihuta. Akaba ari kurwanya igiturire, gufasha urwaruka, ibijanye n’uburimyi n’ubworozi, kurwanya ikiza c’indwara ya koronavirisi, ibijanye n’ivyabakukuruke hamwe n’ibijanye n’uko ingo zose mu gihugu zobaho neza, cane cane batahukane abari mu buhungiro.
Uwuserukira igihugu ca Tirikiya Serap Staay yavuze ko igihugu cabo gifitaniye imigenderanire myiza n’igihugu c’Uburundi kandi abanyatirikiya bashaka kuza gukorera mu gihugu c’Uburundi. Yarongeye aravuga ko bagomba kwubaka inyubakwa y’icicaro c’ubuserukizi ngaha mu Burundi kuko abasaba impapuro bashaka kuja muri ico gihugu bibagora baja mu gihugu c’Ubuganda. Ngo bashaka ko guhera mu kwezi kwa mbere ico gihugu kizoba gifise ubuserukizi mu Burundi.
Uwuserukira igihugu ca Afrika y’epfo Kgomotso Jalobe yavuze ko igihugu ciwe ari ikigenzi c’Uburundi kuko cafashije ibintu vyinshi mu bihe cagiye kiracamwo. Muri Afrika y’Epfo bafise umubabaro mwinshi kubera hapfa abantu ku bwinshi kubera ikiza c’indwara ya koronavirus. Ico gihugu carasavye Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko yobabwira ico abarwizatunga ba Afrika y’epfo bokorera mu gihugu c’Uburundi. Yaramenyesheje ko bamaze kuronka umusesekara mu burimyi n’ubworozi bagashaka ko nk’ivyamwa n’ibindi bishobora gukorerwa mu Burundi hakavamwo imitobe, amavuta n’ibindi.
Umuryango w’ubumwe bwa Afrika usabwa kudashigikira abavuga nabi Uburundi
Uwuserukira umuryango w’ubumwe bwa Afrika (U.A) mu karere k’ibiyaga binini Basile Ikouebe yavuze ko yari azanye ubutumwa bwo kumukeza aho yemeje neza ko igihugu kiriko kirahinduka kandi gifise imigambi irashe. Ikindi Umukuru w’igihugu yavuze ngo n’uko iryo shirahamwe usanga rishigikiye abantu bavuga nabi igihugu c’Uburundi badashigikiye ubutungane ku bantu bagiye barakora amabi mu Burundi akabasaba ko ibintu vyohinduka nimba bashaka ko imigenderanire yoba myiza.
THERESE NIYONKURU

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *