Intara za Gitega na Cibitoke >Inyigisho zatunganirijwe urwaruka

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye asaba urwaruka kugendera imico n’akaranga vyamye biranga Abarundi n’Uburundi

Mu rukurikirane rw’ingendo umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye ariko aragira mu ntara z’igihugu, mu ntumbero yo gutanga inyigisho ku rwaruka ruri mu buruhuko ku nyifato nziza, irondoka rijanye n’amagara meza, kurwanya ikiza sida na koronavirisi ku ma genekerezo ya 2 na 3 Nyakanga 2020, yarishikiye mu ntara ya Gitega na Cibitoke, aho yabasavye kugendera imico n’akaranga vyamye biranga Abarundi n’Uburundi.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu akaba yashikirije ko izo nyigisho zitunganywa mu ntumbero yo gufasha urwaruka kuva mu ngeso mbi maze bashobore gutegura kazoza keza.
Twobamenyesha ko izo nyigisho zitunganijwe ku civugo : « Ingeso mbi oya, kubwa kazoza kanje keza».
Mu ntumbero yo gufasha urwo rwaruka gutegura kazoza keza kabo, Angeline Ndayishimiye abatera akamo ko kugendera impanuro bahabwa n’abavyeyi, ababakurira, abarezi hamwe n’indongozi. Yarongeye abahamagarira kwirinda kunywa ibiyovyabwenge kuko arivyo bibakwegera mu bitaja ntibize ; kwirinda ibihendamaso, no kwirinda amaronko kuko na basokuru bayamaze ngo amaronko menshi aziba amatwi. Muri iki gihe uburuhuko bugira burangire, yabamenyesheje ko nibatangura amashure boshiramwo inguvu bakiga cane kuko urupapuro rw’umutsindo arirwo kazoza keza kabo narirya isi yaze. Mu gihe urwaruka rukoresha cane ubuhinga bwo gutumatumanako, yabahamagariye kubukoresha mu bibateza imbere bigateza imbere igihugu, kuko ubwo buhinga ari isoko ridasanzwe ry’ubumenyi n’iterambere. Yabahamagariye kandi kwijukira kuja mu mashirahamwe kugira bashobore guhanahana ivyiyumviro bibubaka bikubaka n’igihugu. Ikindi ngo n’uko bokwirinda amarigara kuko ariyo nkwezi y’amarere. Mu vyo bakora vyose, yabahanuye ko bogira ubwenge butandukanye n’ubumenyi, nayo ubwo bwenge bukaba buva mw’ijambo ry’Imana, ari naho abahamagarira kwama baryisunga. Ni naho yaciye abasaba kuvavanura n’ingeso z’ubuhumbu kuko zonona imibiri yabo, nayo iyo mibiri ikaba ari isengero ry’Imana. Mu ntumbero yo gukinga ikiza koronavirisi, yabasavye gukurikiza na ntaryo impanuro bahabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Abatumiriwe muri izo nyigisho nabo barashoboye gushikiriza ibibazo bitandukanye bibabakiye, baraheza bararonswa inyishu zizobafasha gutegura kazoza kabo.
Uretse impanuro bashikirijwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu,hararemeshejwe ikiganiro cari kigizwe n’inyigisho zatanzwe n’abahinga batandukanye zijanye n’umugera wa sida, umugera wa koronavirisi, irondoka rjanye n’amagara meza, hamwe n’intahe zashikirijwe n’urwaruka rutandukanye ku vyabashikiye muri kahise.
Gloriose Nshimirimana

About Ladislas MANIRAKIZA

Journaliste en Ligne et Secrétaire de Réalisation du journal «UBUMWE» Tél: 79 461 578 ou 69 537 463

View all posts by Ladislas MANIRAKIZA

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *